Umuryango Fondation Bill et Melinda Gates washinzwe na wa mutunzi ruhebwa, Bill Gates, watanze imiliyoni 10 z’amadolari y’abanyamerika yo gufasha kurwanya inzige ziziziye akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
Iyo mfashanyo izoshikirizwa ishami rya ONU rijejwe uburimyi (FAO), ari naryo ryateye akamo risaba amafaranga kugira ngo rishobore guhangana n’ikibazo c’inzige zishobora gutuma haba ikigoyi mu karere k’Ihembe no mu Buseruko bwa Afrika.
Umukuru wa FAO, Qu Dongyu, arashimira uyo muryango, agasaba n’abandi bagiraneza ko bofasha kugira ngo igisata c’uburimyi gisanzwe gitunze benshi mu burere bugeramiwe n’inzige gikingirwe.
Fondation Bill et Melinda Gates ni umuryango w’abagiraneza washinzwe n’uwo mutunzi ruhebwa yatanguje ikompanyi Microsoft ikora za mashini z’inyabwonko.
Gushika ubu, ONU imaze kwegeranya imiliyoni 33 z’amadolari, harimwo n’iyo ntererano y’uwo muryango, ariko ikavuga ko ikeneye amafaranga yose hamwe ashika imiliyoni 133 z’amadolari kugira ngo ihangane n’iki gitero c’inzige.
Inzige zimaze gushika mu bihugu bitandatu muri Afrika y’Ubuseruko, aho zitema zigatongora mu mirima.
Ico gitero ni co ca mbere muri Kenya mu myaka 70, nayo mu bihugu vya Somalia na Ethiopia kikaba ari co ca mbere mu myaka 25.
Inzige ni ikiza gikomeye ku mfungurwa kuko ikiguri cazo kingana n’uburinganire bwa kilometero kwadarato kimwe gusa gishobora kurya indya zingana n’iz’abantu ibihumbi 35 ku munsi umwe gusa, nk’uko bivugwa na FAO.
Hanyuma kandi, zirarwira cane mu gihe ikirere cifashe neza, hakaba hari ubwoba ko mu mezi atandatu ari imbere zishobora kwiyongera ku ncuro 500.
FAO ifise ubwoba ko mu gihe hatoboneka uburyo bwo guhangana nazo zishobora gutuma haduka ikigoyi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Umukuru wayo Qu Dongyu, agabisha ko ibintu bishobora kuyangara mu ndwi ziri imbere.
Hari urugamba rwo kurwanya izo nzige rubandanya mu bihugu 13, kuva mu Buhindi mu buseruko bw’isi, gushika muri Mauritania muri Afrika y’Uburengero.
Uburere bubangamiwe gushika ubu ni akarere ka Afrika y’Ubuseruko, muri Yemen hamwe no mu bihugu vy’ikigobe c’abarabu, muri Irani, Pakistani hamwe n’Ubuhindi.
Izo nzige ziraheruka kandi no kwibonekeza mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika, neza na neza muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.
Mu kwezi kwa mbere guheze, FAO yari yamenyesheje ko ikeneye imiliyoni 76 z’amadolari, ubu ivuga ko hakenewe imiliyoni 133.
Ishirahamwe ONU rishaka ko ayo mafaranga afasha ibihugu kurwanya izo nzige mu kuzihuhera imiti yica mu kirere no hasi, hamwe no mu gukomeza ugufashanya hagati y’ibihugu.
Ayo mafaranga kandi yofasha muri kubu na kazoza abarimyi bahuye n’ico kiza inyuma y’aho izo nzige zitereye imirima yabo.
Kubera zirwirirana cane, hari ubwoba ko gushika mu kwa gatandatu zishobora kwiyongera ku ncuro 400.
