Kuba mu nkambi biragoye ariko byarangira nsubijwe i Burundi -Impunzi

Ntazina twamuhaye kubera umutekano wiwe, aba mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania n’umwana wiwe, yahungutse ku gushaka kwiwe mu kwezi kwa gatanu uno mwaka, ageze mu Burundi umugabo wiwe aranyuruzwa, nawe aca asubira guhunga, ubu afise ubwoba ko ashobora guhungurwa ku nguvu.

Tanzania ihaye indaro Abarundi barenga 200,000 mu nkambi za Mtendeli, Nduta na Nyarugusu mu ntara ya Kigoma. Benshi bahunze uruhagarara rwo mu 2015.

Mu kwezi kwa gatanu Beatrice* amaze gushika mu Burundi, avuga ko ata mahoro yagize aronka kuko bama baterwa ubwoba igihe cose, abantu bababaza icatumye bari barahunze n’icari gitumye bahunguka.

Umugabo wiwe yagiye kunyuruzwa n’abantu atamenye mu kwezi kw’umunani uno mwaka, bamusanze i muhira mw’ijoro.

“Twumvise abantu badodoye, umugabo wanje agiye kwugurura kugira abitabe, Mana yanje, ijisho ryabaye iryo, baramutwaye ntiyagarutse”.

Avuga ko ibi yabishikirije abategetsi ariko ahubwo ngo yabandanije aterwa ubwoba.

Ati: “Kuva aho ntangiye iyo nkuru, ibibazo n’iterabwoba vyabaye vyinshi, ndabona ko ata mutekano mfise, nca ntangura kuza ndararaguza, nkarara mu gahinga”.

“Niho nahava mfata ingingo yo gusubira mu buhungiro kuko nibaza ko hoho nzoba mfise umutekano”.

Ubu ashobora gutahukanwa ku nguvu

Mu kwezi kwa gatandatu, ishirahamwe rijejwe impunzi HCR yatangaje ko Tanzania ihaye indaro impunzi 221, 000 z’Abarundi.

Leta y’u Burundi ivuga ko impunzi zigera ku 30,000 zimaze gutahuka ku bushake.

Leta ya Tanzania yatangaje ko igomba gutahukana impunzi z’Abarundi zose ku nguvu kuko ico bahunze mu Burundi atakikihari ubu, ni ingingo yiyamirijwe n’amakungu.

Ubu vyibonekeza ko Tanzania isa n’ishaka kureka uyu mugambi ariko ikawubandanya mu bundi buryo.

Hassan Abbas umuvugizi wa Leta ya Tanzania yabwiye abanyamakuru mu gitondo uyu munsi ko Tanzania ata mpunzi izohungura ku nguvu. Uyu munsi ariko hariho abiteze gutahukanwa.

NdutaUwufise ububasha kw’isanamuUNHCR

Hariho urutonde rw’impunzi zirenga 1000 bitegekanijwe ko zitahukanwa uyu munsi kuwa kane mu Burundi. Abategetsi bavuga ko aba ari abipfuza gutaha ku gushaka kwabo.

Impunzi zidafite ikarata iziranga nazo zashizwe kuri uru rutonde rw’abiyandikishije ko barondera gutaha ku bushake bwabo. Nubwo bobo batavyifuza.

Impunzi ziheruka guhunga ntizirahabwa ibiziranga kugira ngo zishobore gufashwa nk’izindi, Beatrice* n’umwana wiwe nawe niko bameze.

Mw'ikampi ya Nduta hari urutonde rw'abarenga 1000 bagomba gucyurwa uyu munsi , UNHCR ivuga ko izi 300 gusaurutonde rw’abarenga 1000 bagomba gucyurwa uyu munsi , UNHCR ivuga ko izi 300 gusa

Beatrice* agira ati: “Jewe n’ukuri mu Burundi ntabwo numva ko nosubirayo. None nosubirayo nkaba ngiye hehe mu gihe n’ubwa mbere nari nagize ngo ndagiye ngaca mpurirayo n’ibibazo?

“Gushika kuri iyi saha, ndi umwe uku nyene, singira icepfo n’ica ruguru, ndashumvye, nshumbanye n’umwana, si ngira iyo nja n’iyo mva”.

UNHCR ivuga ngo nta uzacurwa ku nguvu

Babar Baloch Umuvugizi w’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi yabwiye BBC ko bafise ibiharuro vy’impunzi 324 zipfuje kubwazo gutaha, ko urwo rutonde rw’abagera ku 1000 bandi batabazi.

Bwana Baloch avuga ko koko hariho impunzi zihunze vuba zivuga ko zagize ibibazo mu Burundi, ubu zikaba zitarandikwa mu bitabo vy’impunzi kandi zitaronswa imfashanyo nk’abandi.

Agira ati: “Natwe biraduhagaritse umutima. Ico turiko turihutira ni uko abo bose binjiye mu gihugu basaba ubuhungiro bahabwa ubwo burenganzira kandi ntibahungurwe batabishaka”.

Beatrice* avuga ko n’aho ubuzima butoroshe mw’ikambi kuko atarahabwa ivya ngombwa, afise ubwoba bwinshi ko ashobora kumererwa nabi kurusha igihe yosubizwa mu Burundi.

Iyi nkuru tuyikesha ikinyamakuru cya BBC

Kanda utange igitekerezo

Subiza ku gitekerezo cyatanzwe

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Solve : *
18 × 23 =


IZASOMWE CYANE

To Top